Ivyaha vyanje vyose

95 r I lay my sins on Jesus M.S.

1

Ivyaha vyanje vyose Yarabishizweko Nah' atigez' akora Icaha na kimwe. Ndamwegera, ndasenga, Jew' umunyavyaha, Nizigiy' ic’ ambgiye, At' Urahariwe.

2

Kand' ibingora vyose Ndabimuremeka, Nta wundi yoncunguye, Atar' Umukiza; Ndamwegera nj' ah' ari, Nnaniwe, mbabaye, Ngaruka mfis' intege, Abinneshereje.

3

Ni we mahoro yacu Iy' av' akagera. Yo mur' ubu bugingo, Bo no mu buzoza. Imanuweli Kristo! N'izina riryoshe, Ritamirana hose Rirush' imibavu.

4

Muri Yesu wenyene Ni h’ amahor' ari, No muri Mpwemu Yera, No mu Mwam' Imana; Nta handi tuyaronka, Nta hand' aboneka: Ndanezerewe cane Kubana na Yesu.

Amajambo yo mu ntango

Indirimbo Zo guhimbaza imana Nimushimire Uhoraho yukw’ari mwiza, Kukw’imbabazi ziwe zamah’ibihe vyose. Abacunguwe n’Uhoraho bavuge bartyo, Abo yacunguye, akabakura mu kuboko kw’umwansi. Zaburi 107 :1,2. Abreviations : G.B. - Golden Bells (C.S.S.M3-7Wigmore St., London, W.I.) T.H. –Tabernacle Hymns No. (Tabernacle Publishing Co., Corner Lakes St. & Waller Ave., Chicago, III.) M.S. – Manuscript. (This includes all tunes which do not occur in the above two books. The music may be found in sankey’s Songs and Solos, Worship in Song, Christian Service Songs, Alexander’s Hymns No. 3 and other well-known books) Doxology. G.B. 702; T.H. 324 Dushime Nyen'umugisha, Tumushime mw’isi twese, Namwe mw ijuru mushime Dat' Umwana Mpwemu Yera. GUHIMBAZA