329 Joy to the world! T.H.254.
1
Nezerwa cane wa si we,
Wakir' Umukiza,
Namw'abayibamwo mwese,
Ni mutegur' imitima
Ngw abon' aho yinjira,
Ashikire mu rukundo,
Mumwakire, ntimumurekere hanze.
2
Nezerwa cane wa si we,
Umukiza yaje!
Mwa bantu mwe, muririmbe,
Munezerwe bishimitse,
Namwe bamarayika,
Mudufashe kuririmba,
Muririmbane natw' ishimwe rya Yesu.
3
Non' amahwa n'ibitovu
Ni mubirandure:
Ivyaha n'ibicumuro
Vyashishikaye kumera
Mu mitima y'abantu,
Vyabakwegey' umuvumo,
None Yesu yazanywe no kubakiza.
4
Yaje kuganz' isi yose
Ngw abantu babone
Ishimwe n'icubahiro
Vy'ukugororoka kwiwe
N'urukund' abakunda
Yukw ar' uw'igitangaza,
Tumuhimbaze kw ar' Umukiza mwiza.
Amajambo yo mu ntango
Indirimbo Zo guhimbaza imana Nimushimire Uhoraho yukw’ari mwiza, Kukw’imbabazi ziwe zamah’ibihe vyose. Abacunguwe n’Uhoraho bavuge bartyo, Abo yacunguye, akabakura mu kuboko kw’umwansi. Zaburi 107 :1,2. Abreviations : G.B. - Golden Bells (C.S.S.M3-7Wigmore St., London, W.I.) T.H. –Tabernacle Hymns No. (Tabernacle Publishing Co., Corner Lakes St. & Waller Ave., Chicago, III.) M.S. – Manuscript. (This includes all tunes which do not occur in the above two books. The music may be found in sankey’s Songs and Solos, Worship in Song, Christian Service Songs, Alexander’s Hymns No. 3 and other well-known books) Doxology. G.B. 702; T.H. 324 Dushime Nyen'umugisha, Tumushime mw’isi twese, Namwe mw ijuru mushime Dat' Umwana Mpwemu Yera. GUHIMBAZA