Turakund' Ijambo Ryera,

291 We love the Blessed Bible. G.B.573.

1

Turakund' Ijambo Ryera, Igitabo c'Imana, Ni ryo tara rimurika Mu nzira y' ubugingo, Rikab' inkota mu ntambara Isogota cane, Tugisom' uko bukeye Tukigir' umwigisha.

2

Ico Gitabo c' Imana Tugikundan' umwete, Amajambo yaco yose Yuzuyemw' agakiza. N' Igitabo c' igitanga Kitwereka Yesu, Tugisom' uko bukeye, Tukigir' umwigtsha.

3

Kand' ikikidukundisha N' uko tugisomamwo Ko Yesu yacits' umuntu, Ngw adukiz' imitima, Kand' uko yahetamishijwe N' ivyari kutwica; Tugisom' uko bukeye, Tukigir' umwigisha.

4

Bene Dat' iki Gitabo Ni tukibumbatire, Tugisom' imisi yose Tukigir'umwigisha. Kand' ico gihe ni cashika Co kuv' ino mw isi Ico Gitabo c' Imana Kizotumar' ubgoba

Amajambo yo mu ntango

Indirimbo Zo guhimbaza imana Nimushimire Uhoraho yukw’ari mwiza, Kukw’imbabazi ziwe zamah’ibihe vyose. Abacunguwe n’Uhoraho bavuge bartyo, Abo yacunguye, akabakura mu kuboko kw’umwansi. Zaburi 107 :1,2. Abreviations : G.B. - Golden Bells (C.S.S.M3-7Wigmore St., London, W.I.) T.H. –Tabernacle Hymns No. (Tabernacle Publishing Co., Corner Lakes St. & Waller Ave., Chicago, III.) M.S. – Manuscript. (This includes all tunes which do not occur in the above two books. The music may be found in sankey’s Songs and Solos, Worship in Song, Christian Service Songs, Alexander’s Hymns No. 3 and other well-known books) Doxology. G.B. 702; T.H. 324 Dushime Nyen'umugisha, Tumushime mw’isi twese, Namwe mw ijuru mushime Dat' Umwana Mpwemu Yera. GUHIMBAZA