Imis' irahita vuba,

280 r There are lonely hearts. M.S.

1

Imis' irahita vuba, Irahita yiruka, Ikigenda benshi bapfa Batameny' Umukiza. Har'igikorwa cacu Tugikoran' umwete, Tubandanye dukore, Imis' itarahera.

Icitabirizo

Irahera, irahera, Imisi irahera. Ni tuve hasi twese, Tureke gukererwa.

2

Wobib' imbuto z' ivyiza Mu mitima y'abantu, Amosozi y'abarira Woyabah anagura, Hariho n'abaguye, Kubavyura ni kwiza, No guhumur' amaso, No kuvur' ibisebe.

3

Ivyo vyoshobokera nde? Wewe wobishobora, Namb' ufise. Mpwemu Yera, N'urukundo rw'Imana: Ikunda kubiduha Tubigomvye vy'ukuri: Tuyisengan’ umwete, Dukor' ivy' imbabazi.

4

Ic' Umwami Yes' agomba N' ukugendana natwe, Ngw aruhur' abananiwe Bamutey' ibitugu. Kandi yaravuz' ati Uzonyizera wese Azobgir' imisozi Ngw itabge mu kiyaga.

5

Nta c' utiny' ibir' imbere, Yes' azogushoboza. Umuh' umutima wawe, Awiganzire rwose! Isi yubahe Yesu! Yadutsindiy' urupfu Bo n' abadayimoni: Ubu ni we dufise.

6

Rek' ukwo kwizera guke: Na ruhebga yokizwa! Ibuka yuko Paulo Yar' umwansi w' ivyiza; Yesu yamuhwikiye Atabizi na gato, Ac' akizw' uwo mwanya, Ab' intumwa ya Yesu.

7

Ngo n' ubu, mugende mwese, Mûri kumwe na Yesu; Mumubgir' abatamuzi, Na bo baz' .abakize. Nta co mugaburura, Canke ngo munanirwe, Mutarabashikana Ku Mukiz' abifuza.

Amajambo yo mu ntango

Indirimbo Zo guhimbaza imana Nimushimire Uhoraho yukw’ari mwiza, Kukw’imbabazi ziwe zamah’ibihe vyose. Abacunguwe n’Uhoraho bavuge bartyo, Abo yacunguye, akabakura mu kuboko kw’umwansi. Zaburi 107 :1,2. Abreviations : G.B. - Golden Bells (C.S.S.M3-7Wigmore St., London, W.I.) T.H. –Tabernacle Hymns No. (Tabernacle Publishing Co., Corner Lakes St. & Waller Ave., Chicago, III.) M.S. – Manuscript. (This includes all tunes which do not occur in the above two books. The music may be found in sankey’s Songs and Solos, Worship in Song, Christian Service Songs, Alexander’s Hymns No. 3 and other well-known books) Doxology. G.B. 702; T.H. 324 Dushime Nyen'umugisha, Tumushime mw’isi twese, Namwe mw ijuru mushime Dat' Umwana Mpwemu Yera. GUHIMBAZA

Hymn book section

KURONDERA ABANDI