273 r Awake my soul. M.S.
1
Twikangure, twikangure,
Dukor' ibikorwa cane,
Twitange tnb'ishikanwa
Ryo guhimbar' Uhoraho
2
Kera twamye tur'ubute
Noneho muze twihane
Dukorer' Imana yacu
Dushimitse vy'ukuri.
3
Kumbur’umus’urupfu
Rwoshika rukatwubira,
Canke Yesu yogaruka:
Bisange tugororotse
4
Tureke kwigira beza,
Twibuke yuk' Uboraho
A bon' ivyo mu mitima.
Kw ata co twomunyegeza.
5
Nk' ukw Imana yaduhaye
Izuba ryo kutwakira,
Tumurikir' imitima
Y' abari mu mwiza mwinshi.
6
Twikangure, tuyishime,
Turirimban' indirimbo
N’abayishimira bose
Mw ijuru no mw isi hose
7
Mukiza, turikanguye,
Utwuzuze Mpwemu wawe,
Duhimbarish' Iman' ivyo
Tuvuga n' ivyo dukora.
Amajambo yo mu ntango
Indirimbo Zo guhimbaza imana Nimushimire Uhoraho yukw’ari mwiza, Kukw’imbabazi ziwe zamah’ibihe vyose. Abacunguwe n’Uhoraho bavuge bartyo, Abo yacunguye, akabakura mu kuboko kw’umwansi. Zaburi 107 :1,2. Abreviations : G.B. - Golden Bells (C.S.S.M3-7Wigmore St., London, W.I.) T.H. –Tabernacle Hymns No. (Tabernacle Publishing Co., Corner Lakes St. & Waller Ave., Chicago, III.) M.S. – Manuscript. (This includes all tunes which do not occur in the above two books. The music may be found in sankey’s Songs and Solos, Worship in Song, Christian Service Songs, Alexander’s Hymns No. 3 and other well-known books) Doxology. G.B. 702; T.H. 324 Dushime Nyen'umugisha, Tumushime mw’isi twese, Namwe mw ijuru mushime Dat' Umwana Mpwemu Yera. GUHIMBAZA
Hymn book section
IZ’IGITONDO