Ku murwa wo kwa Dawidi

227 r Once in royal David’s city. G.B 120

1

Ku murwa wo kwa Dawidi umwami, Kera harih' uruhongore, Aho nyina yar' abikiriye Umwana mu bgato bguhira: Uwo Mwana ni we Kristo, Kandi Mariya ni nyina wiwe.

2

Yaje mw is' asig' i we mw ijuru, Yats' indaro mu ruhongore, Kand' uburiri bgabay' ubgato, Naho yar' Umwami wa bose: Umukiza wacu yera Yabanye n'aboro n'abagowe.

3

No mu bgana bgiwe yarubaha Abavyey' akabakorera. yabagandukiye muri vyose, Yaraduhay' akarorero: Natwe naho tur' abana, Ni dukurikir' ingeso ziwe.

4

Yemeye kub' akagoyigoyi, Naho yar' Ushobora vyose, Ni we citegererezo cacu Yabay' Umwan' akura nkatwe, Arababarana natwe Bitayeko tukanezeranwa.

5

Wa mwana w'igikundiro cinshi, Ni we Rugaba yo mw ijuru; Ah' azozira tuzomubona Kuko yaducunguj' urupfu; Kand' arongor' aban' i we Ngo bashik' aho yatunganije.

6

Arikw aho tuzomubonera Ntihazoba mu ruhongore; Hazoba ku murwa wo mw ijuru I buryo bg'Iman' ihoraho: Tuzomuhimbaza cane Twikubise has' imbere yiwe.

Amajambo yo mu ntango

Indirimbo Zo guhimbaza imana Nimushimire Uhoraho yukw’ari mwiza, Kukw’imbabazi ziwe zamah’ibihe vyose. Abacunguwe n’Uhoraho bavuge bartyo, Abo yacunguye, akabakura mu kuboko kw’umwansi. Zaburi 107 :1,2. Abreviations : G.B. - Golden Bells (C.S.S.M3-7Wigmore St., London, W.I.) T.H. –Tabernacle Hymns No. (Tabernacle Publishing Co., Corner Lakes St. & Waller Ave., Chicago, III.) M.S. – Manuscript. (This includes all tunes which do not occur in the above two books. The music may be found in sankey’s Songs and Solos, Worship in Song, Christian Service Songs, Alexander’s Hymns No. 3 and other well-known books) Doxology. G.B. 702; T.H. 324 Dushime Nyen'umugisha, Tumushime mw’isi twese, Namwe mw ijuru mushime Dat' Umwana Mpwemu Yera. GUHIMBAZA