Yemw' abari kuri Yesu,

209 r M.S.

1

Yemw' abari kuri Yesu, Mukanur' ijisho cane; Kuko wa Mwansi Satani Aturaba ku kigohe.

2

Satani ntiyigendera, Agir' ic' ahagazeko: Nuko wame wiyubara, Witwaz' inkota ya Mpwemu.

3

Wew' uhishira Satani, Kandi witirirwa Yesu, Kumbur' umwikunkumure, Afis‘ igihe kigufi.

4

Yaraciriw' urubanza, Agomb' abo yisasira, Ni co gitum' akobeje Kurwany' ab' Umwami Yesu.

5

Ivyo twabikijwe vyose Tuje turabicuruza, Bikwir' abaremwe bose, Bihane bave mu vyaha.

6

Wibuk' ay' Umwami Yesu Yabonye ku musaraba, Ewe Mucunguzi wanje, Ndihannye, ndaje nyakira.

7

Yes' ah' azogarukira Azoz' afise bga bgiza Yahorany' ari mw ijuru: Mbe wumva biguhimbaye?

Amajambo yo mu ntango

Indirimbo Zo guhimbaza imana Nimushimire Uhoraho yukw’ari mwiza, Kukw’imbabazi ziwe zamah’ibihe vyose. Abacunguwe n’Uhoraho bavuge bartyo, Abo yacunguye, akabakura mu kuboko kw’umwansi. Zaburi 107 :1,2. Abreviations : G.B. - Golden Bells (C.S.S.M3-7Wigmore St., London, W.I.) T.H. –Tabernacle Hymns No. (Tabernacle Publishing Co., Corner Lakes St. & Waller Ave., Chicago, III.) M.S. – Manuscript. (This includes all tunes which do not occur in the above two books. The music may be found in sankey’s Songs and Solos, Worship in Song, Christian Service Songs, Alexander’s Hymns No. 3 and other well-known books) Doxology. G.B. 702; T.H. 324 Dushime Nyen'umugisha, Tumushime mw’isi twese, Namwe mw ijuru mushime Dat' Umwana Mpwemu Yera. GUHIMBAZA